Prezida wa Angola Eduardo dos Santos ntazosubira kwitoza

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Angola Joao Lourenco

Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Angola, Joao Lourenco, w'imyaka 62 ni we azitoza mu kibanza ca prezida mu mugambwe MPLA, mu matora yo mu kwezi kw'umunani nk'uko bivugwa na prezida Eduardo dos Santos.

Dos Santos w'imyaka 74 yemeje ko azova ku butegetsi inyuma yo kurongora ico gihugu gifise ubutunzi bwinshi imyaka 38.

Aranebagurwa ko atwaza aka mwana wa mama inyuma yo kugenza umukobwa wiwe Isabel dos Santos mu mabanga yo kurongora kompanyi y'ibitoro ya reta Sonangol.

Yagenywe n'ikinyamakuru ca Forbes nk'umupfasoni atunze cane ku mugabane wa Afrika, n'ubutunzi bugera ku miliyaridi 3.3 z'amadolali ya Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Eduardo dos Santos amaze ku butegetsi imyaka 38

Abegereye prezida Santos baravyamirira kure, bakavuga ko ubutunzi bwiwe buva kibanza se wiwe afise c'umukuru w'igihugu.