Abajejwe abinjira muri Amerika badohoreye ababujijwe

Abari babujijwe kwinjira muri Amerika bagiye kujayo mu kiringo c'agateganyo kubera umucamanza wo muri ico gihugu yakuyeko itegeko rya Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abari babujijwe kwinjira muri Amerika bagiye kujayo mu kiringo c'agateganyo kubera umucamanza wo muri ico gihugu yakuyeko itegeko rya Trump

Abajejwe abinjira n'abasohoka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika babariye amakompanyi y'indege kwakira ingenzi zari zabujijwe na Trump gufata indege.

Izo ngenzi ni izo mu bihugu indwi bituwe ahanini n'Abaislam, itegeko ry'umukuru w'igihugu Donald Trump, rikaba ryababuza kuja muri Amerika.

Ikompanyi y'indege yo mu Kigobe, Qatar Airways, yavuze ko ica itangura kwinjiza ingenzi mu ndege ubu nyene.

Ibi bibaye nyuma y'amasaha make umucamanza wo ku rwego rw'igihugu muri Amerika, ahagaritse vy'agateganyo itegeko rya Trump, ngo kuko rirenga ku ngingo iri mw'ibwirizwa shingiro rya Amerika ibuza kuvangura amadini.

Leta ivuga ko izokwunguruza ku ngingo y'uwo mucamanza.

Umuvugizi w'ibiro vya bwana Trump yavuze ko itegeko rya Prezida rigamije gukingira igihugu, ngo kandi leta yemera ko rikwiye kandi ryubahirije ayandi mategeko.

Trump vyamubabaje

Prezida Trump yababajwe cane n'ingingo ya sentare yo guhagarika vy'agateganyo itegeko ryiwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Trump yababajwe n'umucamanza yahagaritse itegeko ryiwe

Ku rubuga hwaniro Tweeter yavuze ko "uwo yiyita umucamaza" yatwaye ububasha bwo gukurikiza amategeko, aca avuga ko iyo ngingo izohindurwa impfagusa.

Leta yari yavuze ko izokwunguruza kuri iyo ngingo ya sentare y'i Seattle.

Amwe mu makompanyi mpuzamakungu yasubiriye kwakira ingenzi zo mu bihugu bikorwako n'itegeko rya Trump, nyuma y'ingingo ya sentare.