Induru zasubiye kuvyuka ku bwicanyi bw'i Nanjing

Icibutso c'ubwicanyi bwa Nanjing mu Bushingwa, buri mwaka kiberako umuhango wo kwibuka abahasize ubuzima Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Icibutso c'ubwicanyi bwa Nanjing mu Bushingwa, buri mwaka kiberako umuhango wo kwibuka abahasize ubuzima

Abashinwa baba mu Buyapani bagize imyiyerekano biyamiriza ihoteli ivuga ko ata bwicanyi bwabaye mu ntambara ya kabiri y'isi i Nanjing.

Iyo hoteli y'ikigo APA yashize ibitabo mu vyumba bivuga ko ubwicanyi bw'i Nanjing ari ibihimbano.

Abahinga muri kahise bemeza ko abantu bashika ku bihumbi amajana atatu b'Abashinwa bishwe n'abasirikare b'Ubuyapani bari bafashe Nanjing mu 1937, ico kibazo kikaba kikibereye intambamyi imigenderanire y'Ubushinwa n'Ubuyapani.

APA itegekwa n'umugabo n'umugore n'Abayapani b'abatunzi, bashigikiye ivyiyumviro vya politike bigira ku murongo udashima abanyamahanga.