Marine Le Pen yatanguje kwiyamamariza kuba Prezida

Marine Le Pen ngo ashobora gukura Ubufaransa mw'ishirahamwe rya Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Marine Le Pen ngo ashobora gukura Ubufaransa mw'ishirahamwe rya Buraya

Umunyepolitike agira ku murongo ukaze wo kwinuba abanyamahanga, Marine Le Pen, yatanguje kwiyamamaza kwiwe mu matora y'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa.

Yifatiye mu gahanga ukuringaniza isi canke globalisation hamwe na Islam igira ku murongo ukaze.

Yabariye abitavye mitingi y'umugambwe Front National mu muji wa Lyon uri mu bumanuko, yuko kuringaniza isi vyishe ikibano mu Bufaransa nka kurya umuntu apfa mu kubura impemu.

Yagirije abategetsi b'Ubufaransa kuba ari abanyabwoba mu kunanirwa gushimangira umuco w'Abafaransa, nyuma y'imyaka myinshi haza abimukira benshi mu gihugu.

Yavuze kandi ko azogeraguze gusubiramwo amasezerano agenga ubunyamuryango bw'Ubufanra mw'ishirahamwe rya Buraya avuga ko ryataye umurongo, bitangenze uko ahamagaze kamarampaka yo kurivamwo.

Uwuhanganye na Madame Le Pen kuri ubu ni uwigenga Emmanuel Macron, agira ku vyiyumviro biri hagati.