Abakuru b'idini mu Misiri banse ko hahindurwa itegeko rigenga kwahukana

Abajejwe intwaro mu Misiri batewe impungenge no kwiyongera kw'igitigiri c'abahukana
Image caption Abajejwe intwaro mu Misiri batewe impungenge no kwiyongera kw'igitigiri c'abahukana

Urwego rw'abigisha ba Islam mu Misiri, al-Azhar, rwa mbere rukuru mw'idini rya Islam, umurongo w'aba Suni, rwanse ko kwahukana bivuzwe ku munwa gusa bihindurwa.

Ico ciyumviro co guhindura iryo tegeko cazanywe n'umukuru w'igihugu Abdel-Fattah al-Sisi, yerekanye impungenge zitewe n'ukwiyongera kwo kwahukana mu gihugu.

Urwo rwego rw'idini rwasavye ahubwo ko hongerwa ibihano ku bagabo bata abagore babo.

Abo bigisha ba Islam bahamagariye kandi abagabo kumenyesha abajejwe intwaro vuba bishoboka iyo bahukanye, kugira uburenganzira bw'abagore bukingirwe.

Al-Azhar yasavye ko ubukwe butungwanywa neza hakaba n'inyigisho z'idini kugira ikibazo co kwahukana kigabanuke.