Trump yashuhuriye abanyagihugu kuri sentare

Donald Trump yavuze ko yizeye ko reta arongoye izotsinda Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Donald Trump yavuze ko yizeye ko reta arongoye izotsinda

Prezida wa Amerika Donald Trump yifatiye mu gahanga umucamanza yahagaritse ishira mu ngiro ry'ingingo ibuza abinjira muri Amerika, avuga ko abanyamerika bakwiye kwidogera za sentare "ni hagira ikiba".

Bwana Trump yavuze kandi ko yategetse abagenzura imipaka, gusuzuma bitonze abantu binjira muri Amerika.

Ku munsi wa gatandatu, sentare y'igihugu isubiramwo imanza yarahakanye ibwirizwa ry'ubutegetsi bwa Trump risaba ko iyo ngingo ibuza abinjira muri Amerika yoshigwa mu ngiro.

Iyo ngingo yofata abantu bava mu bihugu indwi bigwiriyemwo abo mw'idini rya islamu, yahagaritswe ku munsi wa gatanu n'umucamanza w'igihugu akorera Seattle.

Bino bisigura ko ingingo ya Trump igiye guhagarikwa vy'agateganyo, abantu bafise impusha (viza) zo kwinjira muri Amerika bo muri Iraki, Siriya, Irani, Libiya, Somalia, Sudani na Yemeni bakarekurigwa kwinjira muri Amerika gushika urubanza rurangiye.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu, White House, hamwe na reta zibiri zigwanya iyo ngingo yo kubuza abinjira muri Amerika, bahawe gushika ku munsi wa mbere ngo babe batanze izindi nsiguro.

Ku munsi wa Mungu Prezida Trump yarifatiye mu gahanga umucamanza James Robart yahagaritse iyo ngingo yongera yitandukanye n'igisata c'ubutungane.

Mu butumwa yagiye aracisha kuri Twitter, Bwana Trump yavuze: "Nategetse ikigo c'igihugu kijejwe umutekano (Homeland Security) gusuzuma neza abantu baza mu gihugu cacu. Sentare ziriko ziratuburagiza!"

"Sinshobora gutegera umucamanza yipfuza ko igihugu cacu kigwa mu manga. Ni hagira ikiba niwe akwiye kubibazwa hamwe na sentare. Abantu banyegetera mu gihugu cacu si vyiza!"