Liberia yahagaritse ingendo zo hanze z'abategetsi ku minsi 60

Umukuru w'igihugu ca Liberia Ellen Johnson Sirleaf Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'igihugu ca Liberia Ellen Johnson Sirleaf

Umukuru w'igihugu ca Liberia Ellen Johnson Sirleaf, yategetse ko ata mukozi wa reta afata urugendo rwo hanze mu minsi 60, bihereye mu ntango y'ukwezi kwa kabiri.

Mu itangazo ryasohowe ku munsi wa gatandatu, bivugwa ko abarabwa n'iryo tegeko ari abayobozi bo mu bushikiranganji bwose, abo mu mashirahamwe ya reta hamwe n'abo mu mirwi yahawe amabanga ahambaye. Iryo tegeko riraba n'ivyegera hamwe n'abafasha babo.

"Hari abemerewe kuja hanze ku bw'umwihariko bazohabwa uruhusha n'umukuru w'igihugu ubwiwe, inyuma y'inama bazoba bagiranye kandi vyibonekeje ko urwo rugendo rukenewe kandi ko rufitiye akamaro kanini igihugu," niko itangazo rivuga.

Iryo tangazo ntirivuga igituma iyo ngingo yafashwe, ariko abaserukira ibigo bitandukanye vy'itangazamakuru vyo hanze, bavuga ko ikigega c'amahera y'agaciro kigeze habi bitewe nuko ibiciro vy'ibidandazwa Liberia igurisha hanze vyururutse.

Itangazo rya reta rivuga ko ibanki nkuru ya Liberia yahawe igikorwa co kuraba igituma amahera y'imitahe aguma agabanuka no gukomeza ingingo zihasha abinjiza amahera y'agiciro ku magendo".