Cameroun yegukanye igikombe ca Afrika

Umurwi wa Cameroun wari umaze imyaka 15 utarasubira gutsindira iryo higanwa
Image caption Umurwi wa Cameroun wari umaze imyaka 15 utarasubira gutsindira iryo higanwa

Umurwi w'igihugu wa Cameroun watsinze urukino rwa nyuma (finale) rw'ihiganwa ry'ibihugu vya Afrika, AFCON, mu gutsinda Misiri ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Igitsindo catumye uwo murwi utwara igikombe cinjiye ku munota wa 88.

Umurwi wa Misiri warumaze gutwara ico gikombe incuro indwi warasatiye Cameroun mu gice ca mbere.

Bubaye ubwa gatanu Cameroun itwara igikombe ca Afcon, ubuheruka hakaba hari mu 2002.