Inteko zigwanya iterabwoba muri Sahel

Mu kwezi guheze abantu barenga 70 barishwe mu gitero ca bombe c'umwihevyi i Gao mu buraruko bwa Mali Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu kwezi guheze abantu barenga 70 barishwe mu gitero ca bombe c'umwihevyi i Gao mu buraruko bwa Mali

Ibihugu bitanu vyo muri Afrika y'akarere ka Sahel, vyemeranije kwunga umurwi w'inteko zigiye guhangana n'aba Jihadistes.

Abarongoye ibihugu vya Mali, Tchad, Niger, Burkina Faso na Mauritania batangaje ayo makuru mu nama yabereye i Bamako, nkuko itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga.

Umukuru w'igihugu ca Tchad Idris Deby yavuze ko abanyamuryango b'umurwi G5 ngo bari ku "rugamba rwo guhasha iterabwoba".

Inama barimwo yakurikiranye n'igitero cabaye mu kwezi guheze hafi y'igisagara ca Gao muri Mali, cishe hafi abantu 80.

Nta nsiguro zirambuye zisigura ingene izo nteko zizoba zingana, canke akarere zizokoreramwo.

Imbere yuko uwo murwi ushingwa, akanama kajejwe umutekano ka Onu gategerezwa kubanza kuvyemeza, niko prezida wa Niger Mahamadou Issoufou yavuze.

Ivyo bihugu vyemeranije gushira hamwe izo nteko, bifise intego yo gusaba uburyo Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya, nkuko Deby yabivuze, asigura ko "uzorokora" ubuzima bw'abasirikare ba Buraya cane cane muri kino gihe ibikorwa vy'iterabwoba biguma vyiyongera.

Abasirikare 12 000 barimwo amajana y'abanya Buraya nibo barungitswe n'umuryango mpuzamakungu Onu gufasha kugarukana amahoro muri Mali.

Barimwo abarenga 3 000 baturuka mu gihugu c'Ubufaransa biyerekanye mu bikorwa vya gisirikare mu mwaka 2013.

Akarere ka Sahel gacumbitswemwo n'imirwi myinshi y'abagwanyi bagendera ku vyiyumviro vya Islamu, imwe ikaba icuditse na al-Qaeda.

Umurwi al-Mourabitoun, ucuditse na al-Qaeda ikorera mu buraruko, ni wo wemanze igitero co mu kwezi guheze ci Gao.

Ibindi bitero vyibasira abakerarugendo vyarabaye muri Mali, Burkina Faso na Côte d'Ivoire mu mpera z'umwaka wa 2015 no mu mwaka uheze.