Ubutungane bwa Amerika burashigikiye politike ya Trump ku bimukira

Ubutungane bwa Amerika burashigikiye politike ya Trump ku bimukira

Igisata c'ubutungane ca Amerika kirashigikiye ingingo ya Prezida Donald Trump ibuza abinjira muri ico gihugu, igasaba sentare yungururizwamwo imanza kuyihitisha ku neza y'umutekano w'igihugu.

Abanya Yemeni bari bankiwe kwinjira muri Amerika batanguye gushika muri ico gihugu Uwufise ububasha kw’isanamu EUROPEAN PHOTOPRESS AGENCY
Image caption Abanya Yemeni bari bankiwe kwinjira muri Amerika batanguye gushika muri ico gihugu

Icegeranyo c'impapuro 15 gisigura kwivyo Trump yakoze abirekuriwe n'amategeko ajanye n'amabanga y'umukuru w'igihugu.

Igisata c'ubutungane ca Amerika kirashigikiye ingingo ya Prezida Donald Trump ibuza abinjira muri ico gihugu, igasaba sentare yungururizwamwo imanza kuyihitisha ku neza y'umutekano w'igihugu.

Icegeranyo c'impapuro 15 gisigura kwivyo Trump yakoze abirekuriwe n'amategeko ajanye n'amabanga y'umukuru w'igihugu.

Iryo tegeko bwirizwa ryihanikiza vyagateganyo abimukira n'ingenzi bo mu bihugu bigwiriyemwo aba Islamu, Iraki, Siriya, Irani, Libiya, Somalia, Sudani na Yemeni kwinjira muri Amerika.

Ku munsi wa kabiri niho urubanza rwo kwemeza canke guhakana iryo tegeko rutegekanijwe.

Rwashingishijwe muri sentare yungururizwamwo imanza iri muri San Francisco.

Umucamanza yavuze ko ukwo kubuza abinjira muri Amerika ko kutajanye n'ibwirizwa shingiro kandi ko kubangamira inyungu z'igihugu.

Inyuma yaho, abanyagihugu b'ibihugu ndwi bari bankiwe kwinjira ariko bafise viza, barashoboye gushika muri Amerika.

Igisata c'ubutungane cisigura gute?

Mu nsiguro catanze ku munsi wa mbere ku mugoroba kivuga ko sentare ya Washington "yagize amakosa mu kwakira urubanza rutuma ingingo ya prezida idashigwa mu ngiro".

Gisigiura ko prezida ariwe aza ubwa mbere mu gufata ingingo zose zijanye n'umutekano w'igihugu.

Ngo "sivyo" kuvuga ko iyo ngingo ikumira aba Islamu ngo kuko ivyo bihugu ndwi vyafashwe kubera ibikorwa vy'iterabwoba vyohava bikwega, kurivyo iryo tegeko ngo riri hagati (neutre) ku bijanye n'idini.

Ni bande biyamirije iyo ngingo?

Leta za Washington na Minnesota zavuze ko uretse ko riteye kubiri n'ibwirizwa shingiro, ko ribangamiye ababa muri izo leta, ivyashara hamwe n'amashule kaminuza.

Abashikirizamanza bo muri leta 16 barashize umukono ku ikete ryiyamiriza iyo ngingo, barashingisha n'imanza muri leta 14.

Abahora ari abashikiranganji b'imigenderanire n'amakungu John Kerry na Madeleine Albright hamwe n'uwahora atwara CIA Leon Panetta nabo nyene barifadikanije n'abandi, bandika ikete basiguramwo ingene iyo ngingo ata kamaro ifise, ko yokwega ingorane kandi ko ataco yungura.

Abahinga mu vy'amategeko bakorera amahinguriro ajanye n'ivy'ubuhinga nka Apple na Google nabo nyene bararungikiye insiguro sentare bavuga ko ukwo kubuza abinjira kwozanira ingaruka mbi amahinguriro yabo na cane cane hageze kurondera abakozi.

Ivyo Bwana Trump asigura bisa n'ivy'igisata c'ubutungane - ko umutekano w'igihugu ariwo ubangamiwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Tweet ya Trump

Prezida yarifatiye mu gahanga umucamanza yahagarariye urubanza rwo muri Washington, avuga ati: "Ni hagira ikiba, araba ariwe mubaza hamwe n'amasentare."

Ingingo yose iza gufatwa na sentare yungururizwamwo imanza ku munsi wa kabiri ishobora gutuma urubanza rushika muri sentare ya nyuma ya Amerika, Sentare Ntahinyuzwa.

.