Ibihumbi banizwe mw'ibohero rya Siriya

Amnestie Internationale ivuga ko ibohero rya Saydnaya ryarimwo abantu bari hagati ya 10 000 na 20 000 Uwufise ububasha kw’isanamu AMNESTY INTERNATIONAL/FORENSIC ARCHITECTURE
Image caption Amnestie Internationale ivuga ko ibohero rya Saydnaya ryarimwo abantu bari hagati ya 10 000 na 20 000

Abantu bashika 13 000 bagwiriyemwo abasivile bo mu mirwi igwanya ubutegetsi, barishwe mu ibohero ryo muri Siriya, niko Amnestie Internationale ivuga.

Icegeranyo gishasha c'ikigo giharanira agateka ka kiremwa muntu, kivuga ko abantu banigwa ku ndwi mu kivunga mu ibohero rya Saydnaya, hagati y'ukwezi kw'icenda 2011 n'ukw'icumi na kabiri 2015.

Amnestie ivuga ko ubwo bwicanyi bwategekwa n'indongozi zo hejuru zo muri leta ya Siriya.

Mu minsi yahera, leta yarahakanye ko itigeze ikora ubwo bwicanyi canke ko yoba yarafashe nabi abanyororo.

Naho ivuga uko, abahinga b'igisata ca Onu kijejwe agateka ka kiremwa muntu bavuze mu mwaka uheze, ko amakuru y'ivyabona hamwe n'amakuru y'inyuma y'itohoza yerekana ko ibihumbi vy'abanyagihugu bapfunzwe kandi ko "n'ubwicanyi bwo ku rugero runini" bwabereye mu mabohero.

Uwufise ububasha kw’isanamu AMNESTY INTERNATIONAL
Image caption Omar al-Shogre imbere yuko apfungwa n'inyuma yaho arekuriwe avuye mu ibohero rya Saydnaya

Amnestie yabajije abantu 84 bariwmo abigeze gucungera ibohero, abanyororo hamwe n'abakozi bo ku ibohero rya Saydnaya.

Ivuga ko rimwe canke kabiri ku ndwi, imirwi igizwe n'abantu 20 canke 50 bicwa mw'ibanga muri iyo nyubakwa iri mu buraruko bwa Damas.

Intahe y'ivyabona

Umucamanza wa kera yabonye abamanikwa:

"Baguma babamanitse iminota 10 gushika kuri 15. Bamwe ntibapfa kuberako baremurutse. Nk'abakiri bato, uburemere bwabo ntibwabica. Abakozi barabamanura hasi, bakabavuna amazosi."

'Hamid', yahora ari umusirikare, apfungiwe i Saydnaya:

"Iyo ushize ugutwi hasi kw'isima, warumva umuntu aniha nk'uwunizwe. Ivyo vyamara iminota 10...Twaryama hejuru y'abantu basohora amajwi y'abariko barapfa. Ivyo twari tumaze kubimenyera."

Sameer yahora apfunzwe avuga ko yakorewe amabi:

"Twarakubitwa cane. Ni nkaho woba ufise umusumari ukaguma ugerageza kuwinjiza mw'ibuye. Ntibikunda, ariko bo barabandanya. Nipfuza ko bopfuma banca amaguru hakuguma bayakubita badahagarika."