Abantu benshi bishwe muri sentare yi Kabul muri Afganistani

Igitero ca bombe cishe 27 mu musigiti muri Afganistani mu kwezi kwi cumi 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igitero ca bombe cishe 27 mu musigiti muri Afganistani mu kwezi kwi cumi 2016

Niburiburi abantu 20 bishwe mu gitero ca bombe c'umwihevyi muri Sentare Ntahinyuzwa yi Kabul, niko ubutegetsi buvuga.

Abandi 45 bakomeretse ariko ivyo bitigiri bigashobora kwiyongera.

Uwateye yatumbereye ikibuga gihagazemwo imodoka, niko amakuru avuga.

Abakomeretse ngo bariko bajanwa ku bitaro.

Nta muntu canke umurwi wemanze ico gitero kije gikurikira ibindi vyishe abantu benshi mu mezi ya vuba, vyagabwe n'aba Talibani hamwe n'abagwanyi bo mu yindi mirwi.