Ingingo ya Trump irakumira koko aba Islamu?

Ingingo ya Trump ku bimukira yateye uruhagarara Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ingingo ya Trump ku bimukira yateye uruhagarara

Sentare yungururizwamwo imanza iribaza nimba ingingo Prezida Donald Trump wa Amerika aherutse gufata ku ngenzi n'abimukira ikumira vyukuri abanyagihugu bo mw'idini rya Islamu?

Iryo tegeko bwirizwa ribuza vy'agateganyo abanyagihugu bo mu bihugu indwi bigwiriyemwo abari mw'idini rya Islamu kwinjira mu gihugu ca Amerika, iyo ngingo ikaba iherutse guhagarikwa mu ndwi iheze.

Umucamanza Richard Clifton yabajije ko ryoba rikumira mu gihe rikora ku bice 15% vy'abantu bose bari mw'idini rya Islamu kw'isi.

Ari mu bacamanza batatu bategekanya guca urwo rubanza mu mpera z'ino ndwi.

Ku munsi wa kabiri, impande zose zarisiguye mu kiringo c'isaha.

Sentare "9th US Circuit Court of Appeals"izofata ingingo mu mpera z'ino ndwi ariko ukwo izoba iri kwose, urubanza ruzotegerezwa guherera muri Sentare Ntahinyuzwa.