Kaminuza ya Nigeria yihanikije impuzu zifata umubiri

Impuzu zegera umubiri cane zihanikijwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Impuzu zegera umubiri cane zihanikijwe

Ishule kaminuza yo mu gisagara ca Lagos muri Nigeria ryihanikije impuzu zifata cane umubiri ku bahungu no ku bakobwa. Izo mpuzu zirimwo amapantaro, amajipo n'impuzu zo hejuru, niko ikinyamakuru co murico gisagara kivuga.

Kivuga ko cakuye ayo makuru mu itangazo ryarungitswe ribuza "impuzu zose zerekana ibihimba vy'umubiri birimwo igikiriza, inda, igice co hejuru c'amaboko hamwe n'ibisusu".

Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Itangazo ribuza kwambara ivyegera cane umubiri

Iryo tangazo ryongerako riti: "Abanyeshule bategerezwa kwama basa neza mu bibanza vyose vya Kaminuza. Kwambara impuzu zegeye cane, zerekana ibihimba bimwe bimwe vy'umubiri, canke zitangurira ruguru y'amavi ntibirekuriwe."