Amatora ya Prezida ku kibuga c'indege i Mogadishio muri Somalia

Amabarabara ya Mogadishio akunze kubamwo imiduga myinshi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amabarabara ya Mogadishio akunze kubamwo imiduga myinshi

Abashingamateka b'igihugu ca Somalia bari mu matora y'umukuru w'igihugu ku kibuga c'indege aho umutakano wakomejwe, mu gihe hagati mu gihugu atawuhitayeho.

Uruja n'uruza rw'imiduga rwahagaritswe, amashule arugagwa, akarere k'indege ko hejuru y'umugwa mukuru Mogadishio nako nyene karugagwa ku ndege zigacamwo, mu kwirinda ibitero vyohava bigabwa.

Abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka nibo bari mu gikorwa co gutora umukuru w'igihugu mushasha.

Abakandida barenga 20 nibo bagwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu, batatu ba mbere bagasabwa kuja mu matora ya kabiri, babiri ba mbere muribo bakaja mu matora ya gatatu ari nayo ya nyuma.

Umukuru w'igihugu w'ubu Hassan Sheikh Mohamud ari mu bitoza, bikanugwanugwa ko ashobora kuja muri ayo matora ya nyuma.

Uwuyatsindiye ategekanywa kumenyekana ku mugoroba.

Ikibuga c'indege nico kibanza gitekanye kurusha ibindi ku murwa mukuru wa Somalia, amatora akaba yajanywe aho kubera ibibazo vy'umutekano.

Ku munsi wa kabiri ku mugoroba, abantu bikekwa kuba abo mu murwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al-Shabab, baragavye ibitaro bakoresheje ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "mortiers"batumbereza mu kibanza ayo matora aberamwo.

Abanyagihugu baba mu kigwati ca Arbacow bavuga ko abo ba jihadistes bateye ikirindiro c'abasirikare b'Umuryango w'Ubumwe bwa Africa.

Ibindi bisa n’ibi