Ikambi y'impunzi ya Dadaab muri Kenya nticugawe

Ikambi ya Dadaab yashinzwe mu 1991, ifise ubwaguke nk'ubw'igisagara cose Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ikambi ya Dadaab yashinzwe mu 1991, ifise ubwaguke nk'ubw'igisagara cose

Sentare yahagaritse ingingo y'ubutegetsi bwa Kenya yasaba ko ikambi y'impunzi ya Dadaab, ya mbere nini kurusha izindi kw'isi yugagwa.

Itegeko ryo kwugara ikambi ya Dadaab no gutahukana impunzi z'abasomali 260 000 bayibamwo, ryasohotse mu mwaka uheze.

Vyategekanywa ko iba yugawe mu kwezi kwa gatanu ariko umucamanza wa sentare nkuru, aca urubanza, yavuze ko iyo ngingo isa n'ugufata nabi umurwi w'abantu.

Leta yavuga ko ifashe iyo ngingo ku mvo z'umutekano, isigura ko ibitero bikorwa ku butaka bw'igihugu n'umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al-Shabab, bitegurigwa muriyo kambi.

Sentare irumva ikirego kw'ipfungwa ry'inkambi ya Dadaab

Impunzi z'abasomalia zitahukanwa hadakurikijwe amategeko

Dadaab yashinzwe mu 1991 ngo icumbikire imiryango yahunga indyane zo mu gihugu ca Somalia. Hari impunzi zimaze imyaka irenga 20 ariho ziba.

Iyo kambi iracumbikiye n'impunzi zituruka mu bindi bihugu nka Ethiopia, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, u Rwanda n'u Burundi. Abanyagihugu bo murivyo bihugu bibiri vya nyuma bakaba batarenga 160, impunzi nyinshi ziva muri ivyo bihugu zikaba zicumbikiwe mu nkambi ya Kakuma iri mu buraruko bwa Kenya.

Ikigo giharanira agateka ka kiremwa muntu "Kenya National Commission on Human Rights" hamwe n'ikigwanira iyubahirizwa ry'amategeko "Kituo Cha Sheria" nivyo vyashingishije urubanza muri sentare bivuga ko ingingo ubutegetsi bwafashe ivangura kandi ko iteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu.