Habaye impanuka ku kigo ca "nucleaire" mu Bufaransa

Imoteri zibiri zivyara inguvu i Flamanville zizokwongerezwa iyindi imwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imoteri zibiri zivyara inguvu i Flamanville zizokwongerezwa iyindi imwe

Ibiturika vyakweze umuriro kw'isoko ntanganguvu rya "nucleaire"i Flamanville mu buraruko bw'Ubufaransa vyoba vyakomerekeje benshi nk'uko ubutegetsi bubivuga.

Ivyo biturika vyabereye mu cumba kirimwo imashini mu gitondo nta bumara vyakweze, niko ikinyamakuru Ouest-France kivuga.

Imodoka itwaye abatabazi yarungitswe muri ico kibanza i Normandie, niko kivuga.

Flamanville ifise imoteri zibiri zivyaza inguvu za "nucleaire". Iya gatatu iriko irubakwa, izosa n'imashini nshasha Ubwongereza buherutse gusohora.

Isoko ntanganguvu rikogwa n'Ubwongereza ryiswe "Hinkley Point C" rizotangura gutanga umuyagankuba mu 2025.