Uefa yipfuza guserukirwa n'imirwi 16 mu 2026

Image caption Umurwi w'Ubudagi niwo watsindiye igikombe c'isi yosemu mupira w'amaguru mu 2014

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Buraya (Uefa), ryamenyesheje ko rigiye gusaba ngo riserukirwe n'ibihugu 16 mu ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu 2026.

Mu ihiganwa ry'isi yose ry'umupira w'amaguru ryo mu 2026, imirwi izoryitaba yarongerejwe kuva ku 32 gushika ku 48.

Ikindi Uefa ivuga igiye gusaba ishirahamwe rigenzura urukino rw'umupira w'amaguru kw'isi (Fifa), ngo nuko imirwi ya Buraya yogumizwa hamwe mu nkino za mbere z'ijonjora.

Prezida wa Uefa Aleksander Ceferin avuga ko ivyo ishirahamwe arongoye risaba "vyumvikana".