Misiri yugaye ikigo gifasha abantu bakorewe ikubagurwa

Abajejwe umutekano mu Misiri bagirizwa gukubagura impfungwa ariko ivyo leta irabihakana Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe umutekano mu Misiri bagirizwa gukubagura impfungwa ariko ivyo leta irabihakana

Abajejwe intwaro mu Misiri bugaye ibiro vy'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu rifasha abantu bakorewe ikubagurwa.

Umupolisi yavuze ko ikigo El Nadeem Centre for Rehabilitation of Victims of Torture, cugawe bitewe n'uko carenze ku masezerano agenga uko gikora.

Ariko ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu, Amnesty International, ryavuze ko vyari bimaze kugeragezwa kenshi kwugara ico kigo, mu mugambi wo guhiga abaharani agateka ka muntu.

Abajejwe umutekano mu Misiri baragirijwe kuba bakubagura impfungwa, ivyo vyagiriji ariko leta irabihakana.