Ijambo ku gihugu rya Prezida wa Afrika y'epfo ryatobwe

Jacob Zuma anengwa vyinshi birimwo igiturire Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Jacob Zuma anengwa vyinshi birimwo igiturire

Abashingamateka batavuga rumwe na leta ya Afrika y'epfo batovye ijambo rya Prezida Jacob Zuma, ashikiriza buri mwaka ryerekeye ukuntu igihugu gihagaze.

Habaye uguterana ingumu igihe abashingamateka bo mu mugambwe Economic Freedom Fighters basohorwa ku nguvu n'abajejwe umutekano.

Uwundi mugambwe utavuga rumwe na leta, Democratic Alliance, waciye usohoka umuhango udaheze.

Igihe cose bwana Zuma yatangura kuvuga baza baramuciramwo.

Umukuru w'inama nshingamateka yavuze ko abanyepolitike batavuga rumwe na leta bariko barakoresha nabi uburenganzira bwabo bwo gushikiriza iciyumviro.

Bwana Zuma yari yatunzwe agatoki kubera igitigiri c'abapolisi yari yagomoye ngo bakumire abo bose bogerageza kwonona uyu muhango.

Ijambo rya bwana Zuma i Cape Town, rije nyuma y'iminsi yari amaze anengwa cane, harimwo n'abo mu ugambwe wiwe, kubera ibibazo vy'ubutunzi, ivyagiji vya ruswa na no gukoresha nkunzi.