Ugushingura Tshisekedi vyateye uruhagarara muri Congo

Gushingurwa kwa Etienne Tshisekedi ntikwumvikanwako Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Gushingurwa kwa Etienne Tshisekedi ntikwumvikanwako

I Kinshasa hari uruhagarara rwatewe n'ukutumvikana ku bikorwa vyo gutahukana no gushingura ibisigarira vy'uwahora arongoye abarwanya ubutegetsi Etienne Tshisekedi.

Leta yasavye ko isandugu rishinguye umubiri wiwe ryoshigwa mu ngoro y'inama nshingamateka, yongera yemera no gutanga uburyo kubo bakorana bwo kuja i Bruxelles kuzana ikiziga ciwe.

Umugambwe wiwe "Union pour la Démocratie et le Progrès Social" (UDPS) wavyanse, uvuga ko ufise ingene wavyiteguriye.

Uvuga ko reta ikwiye kwemera kwubaka intatemwa ya Bwana Tshisekedi hagati mu gisagara ca Kinshasa, kandi ko uburyo bw'ibikorwa bijanye n'ishingugwa ryiwe bwotangwa na reta yimirije gushingwa.

Amasezerano yo gushinga leta nshasha yobamwo abatavuga rumwe na leta, yotunganijwe na Bwana Tshisekedi mu ntego yo gusangira ubutegetsi, yapfunditswe buca umwaka urangira.

Leta yavuze ko yemera iciyumviro c'intatemwa ariko ngo ntiyokwubakwa hagati mu gisagara, niko AFP ivuga.

Iryo tororokanirizo ry'amakuru ryavuze kandi ko Ekleziya Katolika, ikurikirana ishira mu ngiro ry'amasezerano, yamenyesheje ko leta nshasha idashobora gushingwa imbere yuko Bwana Tshisekedi ashingugwa.

RD Congo: Nta mwumvikano imbere y'indwi iza

Ekleziya ya Congo: amasezerano ashobora gusambuka

RD Congo: 50 bapfuye kubera imyizure