Umufaransa yazize guha indaro impunzi

Cedric Herrou yafashije abimukira benshi barimwo n'urwaruka ku rugo iwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Cedric Herrou yafashije abimukira benshi barimwo n'urwaruka ku rugo iwe

Umurimyi mworozi w'umufaransa yagiwe, akatigwa ihadabu ya €3,000 ($3200) mu gufasha aha indaro abimukira baca ku rubibe rw'ubufaransa n'ubutaliyano.

Cedric Herrou yakiriye abantu benshi ku rugo rwiwe ruri Roya valley, mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubufaransa.

Hari abamushigikiye bakunze ivyo yakoze bavuga ko ari umugiraneza, nawe avuga ko azobandanya afasha abimukira, igikorwa avuga ko kiri mu vyo akwiye gukora nk'umwenegihugu (devoir civique).

Ikibazo c'abimukira kirakomeye cane cane muri kino gihe amatora azoba mu kwezi kwa kane n'ukwa gatanu aguma yegereza.

Umushikirizamanza wa Nice yasavye ko yohabwa ikiringo c'amezi umunani bakaraba ko asubira gukora ayo makosa ngo abone guhanwa.

Bwana Herrou, w'imyaka 37, yabaye akarorero mu banyagihugu ba Buraya bemera gufasha impunzi zihunga ingwano canke ubukene, ziva muri Afrika canke mu buseruko bwo hagati.

Igihe yariko araburana mu kwezi guheze, yavuze ko yafashe ingingo yo gufasha kubera ko "hari abantu bafise ingorane".

"Hari abantu bapfiriye ku mabarabara, hari imiryango imerewe nabi, hari n'igihugu cashinze imipaka kitanashobora kumenya ingaruka z'ivyo cakoze," niko ikinyamakuru Le Monde gisubiramwo ivyo yavuze.

Uwo murimyi mworozi nubu atunze urwaruka ruva muri Sudani na Eritreya, mu makuru avugwa.