Tanzaniya irondera agashumbusho ku Budagi

Intwaro ya gikoroni y'Ubudagi muri Tanganyika yaheze mu 1919 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Intwaro ya gikoroni y'Ubudagi muri Tanganyika yaheze mu 1919

Umushikiranganji w'ingabo w'igihugu ca Tanzaniya Hussein Mwinyi, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru ry'igihugu c'Ubudagi Deutsche Welle, ko agiye gusaba ubutegetsi bwa Berlin agashumbusho ku mabi yakozwe igihe c'ubukoroni.

Bwana Mwinyi avuga ko leta irondera agashumbusho k'ibihumbi vy'abanyagihugu basonzeshejwe, barahohotegwa, canke bishwe n'abasirikare b'Ubudagigi bagerageza gutuza imigumuko y'abanyagihugu hagati yi 1905 ni 1907.

Ubudagi bwatwaye Tanzania, ico gihe Tanganyika, kuva mu 1890 gushika mu 1919.

Yagize ati: "Agashumbusho niko turondera kandi hari ibindi bihugu vyo mu karere navyo nyene vyasavye mwenako gashumbusho.

Nk'akarorero Kenya yarasavye agashumbusho leta y'Ubwongereza, Namibiya nayo, nkuko nabibwiwe, iriko iravugana na leta y'Ubudagi kuri ivyo nyene. Twizeye kubishikiriza leta y'Ubudagi twebwe nyene."

Abajijwe aboshikirizwa ako gashumbusho, yagize ati: "Iciyumviro nuko abishwe boshumbushwa kandi hari n'abantu bakiriho bakozweko n'ingwano ariko abapfuye barafise ababo basigaye kogira ico kabamariye."

Ubudagi ntaco burabivugako.