Kenya yemeje ko uruzuba ari ikibazo ku gihugu cose

Prezida Uhuru Kenyatta avuga ko abazogerageza kwungukira muri iki kiza bazohanwa bimwe bikomeye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Uhuru Kenyatta avuga ko abazogerageza kwungukira muri iki kiza bazohanwa bimwe bikomeye

Leta ya Kenya yatangaje ko uruzuba rwashegeshe uturere mirongo ibiri na dutatu ari amahano ku rwego rw'igihugu cose.

Umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta yasavye imfashanyo ku rwego rw'igihugu nyene hamwe no ku rwego mpuzamakungu, kugira leta ishobore kugarukira ku bafise ikibaza c'inzara mu kubaronsa ibifungurwa n'amafaranga.

Bwana Kenyatta yashimangiye ko ibifungurwa vyose hamwe n'ibindi bikenewe bizogurwa ku mugaragaro.

Yavuze kandi ko leta izohana bimwe bikomeye abazogerageza kwikika mu kiza ngo bungukire muri ibi bikorwa.

Igiturire mu gihugu ca Kenya gisanzwe ari ikintu cigaragaza cane.