Ikigo ca ruswa catoye hafi imiliyoni $10 mu nzu y'umuntu muri Nigeria

Ayo mahera yatowe mu bubiko budashobora gufatwa n'umuriro Uwufise ububasha kw’isanamu EFCC
Image caption Ayo mahera yatowe mu bubiko budashobora gufatwa n'umuriro

Amahera imiliyoni $9.7 yatowe mu nzu y'uwahora arongoye ishirahamwe ry'igihugu ry'ibitoro, nkuko ikigo gifasha kugwanya ibiturire mu gihugu ca Nigeria cabimenyesheje mu mafoto cacishije kuri Facebook.

Abakozi bo mu kigo "Economic and Financial Crimes Commission" (EFCC) bagize igitero kuri iyo nyubakwa itariki 3 Ukwezi kwa kabiri:

"Isekeza rihambaye...mu nyubakwa y'umuyobozi mukuru w'ishirahamwe ry'ibitoro ry'igihugu "National Petroleum Corporation" (NNPC), Dr Andrew Yakubu, i Kaduna ryatumye hatorwa amahera imiliyoni $9.7 hamwe na £74,000 mu noti. Izo noti zari zihambiye zari zinyegeje mu bubiko budashobora gufatwa n'umuriro."

Ayo mahera yashoboye gutorwa inyuma yaho ikigo EFCC kironkeye amakuru ajanye n'ivyo vyaha, niko ico kigo canditse mu itangazo casohoye.

Bwana Yakubu yaritavye ku biro vy'ico kigo kiri mu buraruko bw'igisagara ca Kano, aremera ko ayo mahera yatowe ari rwiwe asigura ko arayo yagabiwe n'abantu atashatse kuvuga amazina, niko itangazo rivuga.

Uwo mugabo yafashwe yatwaye iryo shirahamwe ry'ibitoro ry'igihugu imyaka ibiri kuva mu 2012.