Trump: "Tuzotsinda runo rugamba"

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ingingo ya Trump ku ngenzi n'abimukira yarateye akavuyo ku bibuga vy'indege

Prezida Donald Trump wa Amerika avuga ko bategerezwa gutsinda urugamba barimwo rwo kwemeza itegeko rihagarika ingenzi n'abimukira bo mu bihugu indwi bigwiriyemwo aba Islamu, ko bazopfuma batunganya irindi tegeko.

Yashikirije ivyo inyuma yaho sentare yungururizwamwo imanza ya San Francisco, yemeje icemezo cafashwe na sentare y'intango co guhagarika ingingo ya Trump.

Nta wuzi ingene itegeko rishasha ritegekanywa ku bijanye n'abimukira rizoba risa.

Bwana Trump avuga ko rizohinduka "gato cane", ariko nta nsiguro zirambuye yatanze.

Inyuma y'ingingo yo ku munsi wa gatanu, leta ya Bwana Trump itegekanya kubandanya urubanza, naho iheruka gutsindwa.

"Tuzotsinda urwo rugamba," niko Bwana Trump yabwiye abamenyeshamakuru, yongera ati: "Ikibi nuko bifata umwanya. Tuzotsinda urwo rugamba ariko dufise ukundi kuntu kwinshi kw'ingene twobikika, kurimwo gutunganya itegeko bwirizwa rishasha."

Umucamanza wa "9th US Circuit Court of Appeals" ari mu murwi w'abashashe ku munsi wa kane, yasavye abacamanza 25 ngo baje mu itora ryo kuraba niba urubanza rwokwunguruzwa ubugira kabiri.

Ivyo biramutse bibaye, iyunguruza rya kabiri ryosaba ko abacamanza 11 baba aribo basasa, ntiboba bakibaye batatu nk'ubwa mbere.

Inyuma yaho atsindiwe, Bwana Trump yagumye avuga ko iryo tegeko bwirizwa rikenewe cane ku mpamvu z'umutekano w'igihugu ko agiye kuryongeramwo ingingo zijanye n'umutekano kugira ngo agondoze sentare.

Trump yatsinzwe mu rubanza rwerekeye ingenzi n'abimukira

Ingingo ya Trump yerekeye ingenzi ifata ba nde?

Trump yashuhuriye abanyagihugu kuri sentare