Arsene Wenger agiye gusezera Arsenal

Wenger yatsinze incuro zitatu gusa mu higanwa rya Premier League amenyereza Arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Wenger yatsinze incuro zitatu gusa mu higanwa rya Premier League amenyereza Arsenal

Umumenyereza w'umurwi Arsenal wo mu gihugu c'Ubwongereza, Arsene Wenger, yavuze ko hageze ko agenda, nkuko yabivuganye n'umukinyi w'imbere wa kera Wright.

Wenger yamenyereje aba Gunners kuva mu kwezi kw'icumi 1996, atsinda ihiganwa rya Premier League incuro zitatu, ubwa nyuma hakaba hari mu 2004.

Amasezerano y'akazi y'uwo mumenyereza w'imyaka 67 azorangirana n'uno mwaka.

"Nabonye umengo vyaheze," uwahora ari umukinyi w'imbere Wright niko yabwiye BBC Radio 5 live.

"Asa n'uwurushe. Urabona ko umengo afise amaganya. Nibaza ko azogenda mu mpera y'uno mwaka."

Icizere ca Arsenal co gutsinda ihiganwa ry'uno mwaka cazimanganye ku munsi wa gatandatu uheze igihe Chelsea itsinze 3-1 igaca ija imbere y'uwo murwi amanota 12.

Wright yavuze ko bavuganye na Wenger ku munsi wa kane mw'ijoro.

"Yaravuze ko ageze ku mpera. Sinari bwigere ndamwumva avuga uko," niko uwo mugabo w'imyaka 53 yavuze.

"Abakinyi baramuhemukiye cane.

"Agiye mu mpera y'umwaka, hazohindugwa vyinshi. Umurwi uzotegerezwa kubanza kwisuzuma. Yaritayeho cane umurwi."

Abakunzi b'umurwi bamaze igihe bipfuza ko Wenger yogenda. Umwe muribo yari yitwaje icapa ku kibuga ca Stanford Bridge abwira uwo mugabo w'umufaransa ati: "Ivyo wakoze birakwiye. Harageze ko ugenda."

Some fans have called for Wenger to leave, with one holding up a poster at Stamford Bridge telling the Frenchman: "Enough is enough. Time to go."