Nyamugigima yishe 4 muri Philippines

Iyo nyamugigima yononye inyubakwa, ibisigarira vyazo bigwa mu mabarabara Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Iyo nyamugigima yononye inyubakwa, ibisigarira vyazo bigwa mu mabarabara

Niburiburi abantu bane bapfuye, abarenga 100 barakomereka, mu mpanuka ya nyamugigima yabaye ku munsi wa gatanu mu gihugu ca Philippines, niko ubutegetsi bwavuze.

Iyo nyamugigima y'igipimo ca 6.7 yajugumbije igisagara ca Surigao ku izinga Mindanao, yabomoye amazu, ituma n'umuyagankuba ucika mu turere twinshi.

Abanyagihugu baciye bahungira mu bibanza bigaragara, barara mu bibuga vyo kuruhukiramwo, niko amakuru yo mu gihugu avuga.

Nta tsunami yitezwe inyuma yiyo nyamugigima, nkuki ikigo "US Pacific Tsunami Warning Center" cabimenyesheje.

Abitavye Imana bishwe n'ibimanyu vyakoroka hamwe n'impome zabomoka, niko Gilbert Gonzales ajejwe ivyaduka mu ntara yavuze.

Hari ikiraro n'ihoteli vyasambutse, amatara n'amazi vyacitse mu turere tumwe tumwe.

Ikibuga c'indege ca Surigao cugawe vy'agateganyo bitewe nuko ikibuga indege zigwako casadutse, niko ubutegetsi bwavuze.

Igihugu ca Philippines kiri mu bikunze gutegwa na Nyamugigima.