Umurwi mushasha wa "baleines" ku nkombe y'ikiyaga muri Nouvelle Zélande

Ubutegetsi buriko buraraba ico bukoza "baleines" zapfuye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubutegetsi buriko buraraba ico bukoza "baleines" zapfuye

Izindi "baleines" 240 zisanze ku nkombe y'ikiyaga mu gihugu ca Nouvelle Zélande inyuma yaho 300 zindi zipfiriye kuri iyo nkombe ku munsi wa kane.

Ku munsi wa gatandatu mu gitondo, abantu bitanga bariko baragerageza gusubiza mu mazi "baleines" 100 ku majana ane zisanze ku nkombe ku munsi wa kane.

Naho abo bantu bari bagize umurongo muri ico gikorwa, ntivyabujije ko izindi ziza kuri iyo nkombe ya Farewell Spit kw'isonga ry'izinga South Island.

Ntawuramenya igituma izo "baleines" ziguma ziza kuri iyo nkombe yegereye Golden Bay.

Kimwe mu vyo abantu bibaza, nuko zoba zahaje zirukanywe n'ibindi binyabuzima vyo mu mazi bita "requins" inyuma yaho basanze "baleine" imwe yapfuye ifise inguma.

Abahinga bavuga ko iyo "baleines" zisanze ku nkobe, ko zimenyesha zigenzi zazo, zigaca nazo ziza aho ku nkombe.

Rimwe na rimwe ngo birashobora gutegwa nuko izo "baleines" ziba zishaje, zirwaye canke zakomeretse.

Andrew Lamason, wo mu kigo gikingira ibikoko, yavuze ko "baleines" zasubijwe mu mazi zambitswe iparati izashitse uno munsi zidafise, ko arico gituma bamenye ko ari umurwi mushasha.

Nouvelle Zélande iri mu bihugu vya mbere kw'isi "baleines" ziva mu mazi ugasanga zapfiriye ku nkombe.

Mu kwezi kwa kabiri kwo 2015, baleines" 200 zaroze zisanga ku nkombe, igice murizo zirapfa.