Korea ya ruguru yatumbereje ikigwanisho ku Buyapani

Trump avuga ko Amerika iri kumwe n'Ubuyapani 100% Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Trump avuga ko Amerika iri kumwe n'Ubuyapani 100%

Igihugu ca Korea ya ruguru carashe kigerageza ikigwanisho ruhonyanganda co mu bwoko bwa "missile", ubwa mbere kuva Donald Trump abaye umukuru w'igihugu wa Amerika.

Bwana Trump yarizeje umushikiranganji wa mbere w'igihugu c'Ubuyapani Shinzo Abe ko "Amerika iri kumwe n'Ubuyapani, bacuditse, 100%".

Iyo "missile" yatewe na Korea ya ruguru yavuye mu buseruko itumbera ikiyaga c'Ubuyapani ku burebure bwi 500km, niko ubutegetsi bwa Korea yepfo bwavuze.

Bwana Abe yavuze ko badashobora kwemera na gato iryo gerageza ry'ibigwanisho.

Ubutegetsi bw'Ubuyapani buvuga ko iyo "missile" itashitse mu mazi yabo.

Korea ya ruguru ntirahagarika ibigwanisho vy'ubumara

Korea ya ruguru yagerageje ibirwanisho vya nucleaire

Korea ya ruguru yagerageje ibindi bisase

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Korea ya ruguru iramaze kugerageza kenshi ibigwanisho ruhonyanganda muri uno mwaka

Korea ya ruguru iramaze kugerageza kenshi ibigwanisho ruhonyanganda muri uno mwaka, ivyo bigashavuza ibihugu vyo mu karere bifata ivyo bikorwa nk'agasomborotso.

Iyo "missile" yatewe ku munsi wa Mungu isaha 07:55 zo muri ico gihugu. Yaterewe ku kirindiro Banghyon mu ntara ya North Pyongan mu burengero bw'izinga rya Korea.

Igihugu ca Korea ya ruguru ntaco kirashikiriza ku biriko biravugwa canke ku vyabaye.

Umukuru wa Korea ya ruguru Kim Jong-un yavuze mu kwezi kwa mbere ko igihugu ciwe citeguye kugerageza "missiles" zishika kure cane, zishobora kugira imitwe itwara ubumara bwa "nucleaire".

Mu rugendo yagize muri Korea yepfo mu ndwi iheze, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika James Mattis yavuze ko igeregeza iryariryo ryose ry'ibigwanisho ruhonyanganda rizokogwa na Korea ya ruguru "rizokwishugwa bimwe biboneka".

Yarongeye kwibutsa ko Amerika izobaha uburyo bwo kuzibira ibitero vya "missiles" mu mpera z'uno mwaka.

Igerageza ibigwanisho ubugira gatanu mu mwaka uheze, Korea ya ruguru yarateye ikigwanisho ivuga ko gishobora kugaba igitero kuri Amerika.