Umugore munini kw'isi wo mu Misiri ari mu Buhindi kubagwa

Umugore avugwa ko ari uwa mbere munini kw'isi Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightCOURTESY: DR MUFFAZAL LAKDAWALA
Image caption Umugore avugwa ko ari uwa mbere munini kw'isi

Umugore w'ibiro 500kg aturuka mu gihugu ca Misiri yinjiye ibitaro mu gisagara ca Mumbai mu Buhindi, aho ategekanywa kubagwa ngo ibiro bigabanuke.

Umuryango wa Eman Ahmed Abd El Aty, w'imyaka 36, wavuze ko bubaye ubwa mbere mu myaka 25 ava mu nzu.

Mu ntango, ubuserukizi bw'igihugu c'Ubuhindi bwari bwamwimye uruhusha rwo kwinjira mu gihugu (viza) bitewe nuko atashobora kwishikira kurusaba.

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubuhindi Sushma Swaraj nawe nyene ico gihe yarakitswe n'amagara agwaye ifyigo, yaciye yemera kumworohereza ngo aronke iyo viza.

Imbere yuko ashobora kubagwa ngo ibiro bigabanuke, Eman Ahmed Abd El Aty, 500kg, avugwa ko ariwe mugore munini wa mbere kw'isi.

Mu matohoza yakozwe n'ikigo Guiness, uwarazwi munini akaba ari uwitwa Pauline Potter wo mu gihugu ca Amerika yapima 292kg mu 2010.