Ifoto yafashwe Karkov yicwa yaronse agashimwe ka mbere

Burhan yafashe iyo foto ubwicanyi buriko buraba Uwufise ububasha kw’isanamu BURHAN OZBILICI/AP
Image caption Ifoto ya Burhan yashimwe kuko ngo yerekana ubutwari yagize ayifata

Umunya Turkiya Burhan Ozbilici yari yagiye mw'ihayanishwa ry'amafoto mu kwezi kwa 12 umwaka uheze mu muji wa Ankara, igihe umupolisi yari asanzwe ari mu karuhuko yarasa uwari ahagarariye Ubusuriya i Ankara.

Uwo mupolisi yasokoroye inkoho yo mu bwoko bwa pistolet arasa uwaserukora Uburusiya muri ico gihugu Andrei Karlov imbere y'abantu yari ahagaze imbere, ariko atanga ikiganiro.

Burhan Ozbilici yashimwe ko yagize ubutwari mu gufata amafoto ubwo bwicanyi buriko buraba.

Ifoto yiwe yatsinze, yerekana nyene kurasa muri kositime yirabura, nayo ikiziga ca ambasaderi Andrei Karkov kirambaraye hasi.