Ibihongo vya neige vyishe abantu muri Alps

Abajejwe gutabara baracarondera abari munsi ya neige Uwufise ububasha kw’isanamu LE DAUPHINE
Image caption Abajejwe gutabara baracarondera abantu batanu munsi ya neige

Abantu bane bari mu rukino rwo kunyerera kuri 'neige' bita 'ski', bahitanywe n'ibibuye vy'amazi yakongataye vyomorotse ku misozi ya Alps mu gace ka Tignes, hafi y'urubibe n'Ubutaliyano.

Abapolisi bahegereye babwiye BBC ko abantu bane bahitanywe n'ivyo bihongo vy'amazi bose bari Abafaransa.

Ngo hari impungenge nyinshi kandi ko hari n'ibindi bishobora gusenyuka.

Abajejwe gutabara bakuye abantu babiri ari bazima munsi y'ibihomoka vya 'neige'.

Hari abandi batatu batari bwaboneke irengero.

Iryo sanganya ryabereye hejuru mu misozi ku metero zirenga 2100.