Umuhanuzi wa Donald Trump muvyo umutekano, Michael Flynn yatanze imihoho

Michael Flynn (hagati). Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Flynn (hagati) bivugwa ko yavuganye n'uwuswrukira Uburusiya muri Amerika imbere y'uko agenwa mu mabanga yarimwo

Umuhanuzi mukuru mu biro vya prezida wa Amerika muvyo umutekano Michael Flynn yatanze imihoho kubera imigenderanire afitanye n'Uburusiya, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Amerika.

Flynn bivugwa ko yaganiriye ku vyerekeye ibihano Amerika yafatiye Uburusiya n'uwuserukira ico gihugu muri Amerika imbere y'uko Donald Trump ashikira ubutegetsi.

Ibinyamakuru vyo muri Amerika vyari vyanditse ko ubushikiranganji bw'ubutungane bwagabishije ibiro vy'umukuru w'igihugu kuvyo Flynn yavuganye n'abategetsi b'Uburusiya mu mpera z'ukwezi guheze.

Bavuze ko Flynn ashobora kwagirizwa ko akorera mu kwaha kw'Uburusiya.

Abategetsi bakuru b'umugambwe w'abademokrate bari bateye akamo basaba ko Flynn akurwa mu mabanga yiwe.

Itororokanirizo ry'amakuru rya Associated Press na Washington Post avuga ko ubushikiranganji bw'ubutungane muri Amerika bwari bwagabishije ku bintu Flynn yavuganye n'uwuserukira Uburusiya muri Amerika.

Ntivyemewe n'amategeko muri Amerika, ko umuntu asanzwe yisuka muvyerekeye imigenderanire n'ibindi bihugu.

Bivugwa ko ikiganiro hagati ya Flynn n'uwuserukira Uburusiya muri Amerika cabaye mu mpera z'umwaka uheze, imbere y'uko Flynn agenwa mu mabanga ku ntwaro ya Trump.

Flynn ni Lt gen ari mu karuhuko k'iza bukuru.

Ubwa mbere yabanje guhakana ko atigeze avugana n'uwo aserukira Uburusiya muri Amerika ivyerekeye ibihano babafatiye, mbere n'icegera 'umukuru w'igihugu Mike Pence aranamuvuganira.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inkuru zivuga ko umukwe wa Trump, Jared Kushner (i buryo) ariko ararondera uwusubira mu kibanza ca Michael Flynn(i bubamfu)

Flynn yabwiye abakozi bo mu biro vy'umukuru w'igihugu ko bishoboka ko yoba yaravuganye n'uwo aserukira Uburusiya muri Amerika ivyerekeye ivyo bihano.

Ikinyamakuru ca Washington Post kivuga ko icegera c'umushikirizamanza mukuru Sally Yates yabwiye ibiro vy'umukuru w'igihugu ko umuhanuzi mukuru ajejwe umutekano mu gihugu "yishize mu ngorane" mu kuvugana n'abarusiya imbere y'uko avyemererwa n'amategeko.

Mu kwezi guheze, umupfasoni Yates yarirukanywe mu kazi na Trump kubera yanse gushigikira ingingo yo kubuza abantu baturuka mu bihugu indwi vya Islam kwinjira muri Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uwuserukira Uburusiya muri Amerika Sergei Kislyak (i buryo), ari kumwe na prezida w'ico gihugu ico gihe Dmitry Medvedev hagufi ya Moscou mu kwezi kwa mbere mu 2009
Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Flynn yarafashwe ifoto ari kumwe na prezida w'Uburusiya Vladimir Putin mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2015