Intambara zahitanye abarenga 100 mu ntara ya Kasai

FARDC iregwa kujaniranya mu ntambara na Kamwina Nsapu
Image caption Inteko za ONU zafatanije mu gikorwa co kugwanya

Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko ingabo za leta ya Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo zoba zarishe abantu barenga ijana mu ntambara yabahuje n'umugwi witwaje ibigwanisho mu ntara Kasai.

Intambara zahuje umutwe wa Kamwina Nsapu, uyoboka umukuru w'akarere yishwe n'abasirikare mu kwezi kwa munani umwaka uheze, aho ingabo za leta bivugwa ko zarashe ikivunga abayoboke b'uwo mugwi.

Umuvugizi w'ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu Liz Throssell avuga ko ONU ifise umwitwarariko w'igitigiri c'abantu biciwe muri izo ntambara n'ikoreshwa ry'inguvu z'umurengera.