Inyuma y'ubukwe bwa $1 bakorewe ubwatwaye ibihumbi 35

  • 14 Ukwa kabiri 2017
An na Wilson bari bamaze gusubika ubukw ekubera ubukene
Image caption Ku bukwe bwa mbere, umusoreWilson yakoresheje $1 agura impeta gusa

Wilson na Ann Mutura bafashe ingingo yo kwubaka badakoze iminsi mikuru, kuko bari bamaze kwigizayo ubukwe bwabo incuro zibiri zose mu mwaka uheze, biturutse ku bukene.

Mu kwezi guheze bambikanye impeta, umusore Wilson yaguze amashiringi ijana ya Kenya, n'ukuvuga idorari rimwe, babona kubana batarinze guca mu minsi mikuru.

Uwufise ububasha kw’isanamu Aaltonen Jumba
Image caption Bari barushinze bambaye ibsanzwe

Ukwo gusezerana kwabo kwakwiye isi yose biciye ku mbuga nkoranyambaga, bituma abanya Kenya benshi bifuza kubafasha.

Raba amafoto hano ayandi mafoto yabo.

Kuri ubwo bukwe bwabo bwa mbere, bambaye impuzu zabo zisanzwe, uwo munsi wabo w'ubugeni, nta mutsima (cake/gateau) nta myambaro y'ubukwe canke amashurwe canke ibindi nk'ivyo vyo kwinezereza bashoboye kugura.