Umukuru wa Toshiba yatanze imihoho kubera guhomba

TOSHIBA yahonvye miriyaridi zirenga 3 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Shigenori Shiga yatanze imihoho kubera igihombo ikigo TOSHIBA ayobora cagize

Shigenori Shiga, umuyobozi w'ikigo TOSHIBA, yatangaje ko yatanze imihoho gatoyi imebre y'uko ico kigo gishira ku mugaragaro ubuhombe cagize mu mwaka uheze, burenga miriyaridi 3,4 z'ama dorari.

Vyari vyitezwe cane ko TOSHIBA ihomba muri za miriyaridi kubera ikibazo yagize mu bikoreshwa inguvu za nuclaire isanzwe ucuruza mu rudandazwa rwayo.

Hari kandi no kuba yaremeye ko kazoza kayo katagaragara neza.

Ubuhombe TOSHIBA yagize mu mwaka uheze wa 2016, buhurirana n'icari kuba inyungu kubanyamitahe bayo, n'ukuvuga ubuhombe bw' iyobaye inyungu y'umwaka wose ku kigo kizima.

TOSHIBA yari yashatse gushira umutahe mu bikoreshwa inguvu za nuclaire ariko rero yasonzwe n'ubuhombe bw'ikigo bisanzwe bikorana muri Leta zunze Ubumwe za Amerika Westinghouse, hamwe n'ikigo c'inguvu za nuclaire ca Fukushima.