Samson Siasia na Winfried Schafer barashaka kumenyereza Amavubi

  • 14 Ukwa kabiri 2017
Amajonjora asigaje abantu 8 kuri 52 bashaka Amavubi Uwufise ububasha kw’isanamu Nelson Almeda
Image caption Samson Siasia yahoze ari umumeneyereza w'umugwi wa Cameroun

Samson Siasia na Winfried Schafer bari mu bamenyereza umunani bahiganigwa kumenyereza umugwi nserukiragihugu w'umupira w'amaguru mu Rwanda, amavubi.

Winfried Schafer yabaye umumenyereza w'umugwi wa Cameroun awuhesha igikombe ca Afrika co mu 2002, nayo Siasia yahoze ari umumenyereza w'umugwi wa Nigeria awuhesha umudari w'umujumpu mu nkino za Olympic z'umwaka uheze.

Umubirigi Paul Put, yashikanye umugwi wa Burkina Faso ku gutwara igikombe ca Afrika muri 2013, hamwe na Georges Leekens, amaze guhagarika amsezerano n' umugwi wa Algeria aho utsindiwe mu kwezi guheze, nabo bari kuri urwo rutonde.

Umugwi nserukiragihugu w'Urwanda amavubi, wari warinse abarondera ako kazi k'ubumeneyereza bagera ku 52.

Mu bageze ku ntambwe ya nyuma yo kubazwa harimwo abameneyereza bane baturuka mu ihugu vya Bulaya bafashije imigwi yo muri Afrika:

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jonny McKinstry yamaranye n'Amavubi amezi 15 gusa

Muri bo harimwo umunya Portugal Jose Rui Lopes Aguas, umu Swisse Raoul Savoy, umwongereza Peter James Butler n'umudagi Antoine Hey.

Urwanda rwakomeje kubura umuneyereza ahagu igihe gikwiye kuva aho Jonny McKinstry w' umunya Irland du Nord yirukaniwe mu kwezi kw'umunanni umwkaa uheze.