Agashimwe Komla Dumor 2017: BBC irondera umumenyeshamakuru w'imena

Komla Dumor yapfuye giturumbuka mu 2014 afise imyaka 41
Image caption Komla Dumor yapfuye giturumbuka mu 2014 afise imyaka 41

Itororokanirizo ry'amakuru BBC ririko rirarondera umumenyeshamakuru w'imena w'umunyafrika mw'ihiganwa yatunganije ku mwaka ugira gatatu ry'Agashimwe Komla Dumor.

Abamenyeshamakuru bo ku mugabane wa Afrika barahamagariwe kwiyandikisha ngo bahiganigwe ako gashimwe gafise intego yo kurondera abamenyeshamakuru bafise impano bo ku mugabane wa Afrika.

Uwuzogatsindira azomara amezi atatu ku biro bikuru vya BBC biri mu gisagara ca Londres mu Bwongereza, aho azoshobora kwunguka ubumenyi n'ubuzobere.

Kwiyandikisha bizorangira itariki 15 Ukwezi kwa gatatu 2017 isaha 23;59 GMT.

Ako gashimwe katunganijwe ku ntego yo guha icubahiro Komla Dumor, umumenyeshamakuru w'umwihariko yaturuka mu gihugu ca Ghana, agakora mu gisata co gushikiriza amakuru ca BBC World News, yitavye Imana giturumbuka mu mwaka 2014 afise imyaka 41.

Rino higanwa ryerekeye umuntu wese aba akongera agakora muri Afrika, afise ubumenyi bwinshi mw'itangazamakuru, atangaza amakuru neza, azi n'ukwigana inkuru za Afrika, ashobora kuvamwo umumenyeshamakuru w'imena.

Igihe azoba ari ku biro bikuru vya BBC i Londres, uwatsindiye agashimwe azosabwa kuja muri Afrika kurondera inkuru yokwandika, izokwiragizwa ku mugabane no kw'isi yose.

Image caption Didi Akinyelure yatsindiye ako gashimwe mu 2016, avuga ko BBC yahinduye ubuzima bwiwe

Nancy Kacungira, yahora ashikiriza amakuru kuri KTN muri Kenya, yatsindiye ako gashimwe mu 2015.

Didi Akinyelure, umumenyeshamakuru wo muri Nigeria, yagatsindiye mu 2016.

"Vyarahinduye cane ubuzima bwanje," avuga kuvyo yungutse muri BBC.

Muri kino gihe ari Blantyre gutanguza agashimwe ko 2017 ari kumwe na Francesca Unsworth, umuyobozi wa BBC World Service.