Aba républicains bemeje ko haba amatohoza kuri Michael Flynn

Michael Flynn yatanze imihoho ku munsi wa mbere Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Michael Flynn yatanze imihoho ku munsi wa mbere

Aba républicains bagiye hamwe n'abandi banyepolitike basaba ko hokogwa amatohoza ku nyifato ya Michael Flynn, yohora ari umuhanuzi w'igihugu mu vy'umutekano, yagirizwa kugirana n'Uburusiya imigenderanire yo mu kinyegero.

Michael Flynn yatanze imihoho ku munsi wa mbere bitewe nuko yoba yaravuganye n'ubutegetsi bw'Uburusiya, ku bijanye n'ibihano Amerika yabufatiye, imbere yuko Donald Trump aja mu mabanga.

Ku munsi wa kabiri, umuvugizi wo mu biro vy'umukuru w'igihugu yavuze ko Bwana Trump yaramaze indwi amenye ko hari ibibazo bikwezwe n'uguhamagara mu Burusiya.

Bamwe mu ba républicains ntibashaka kwumva ko hoba umurwi ataho wegamiye wokora itohoza.

Ibintu vyagiye hejuru inyuma yaho itororokanirizo ry'amakuru "New York Times" ritangiye amakuru avuga ko abari mu murwi w'iyamamaza rya Trump hamwe n'abo bakorana, bagiranye imigenderanire kuri telefone hamwe n'abategetsi bo hejuru bo mu kigo c'iperereza c'Uburusiya mu mwaka wakurikiye amatora.

Ariko ngo ntacemeza ko umurwi w'iyamamaza rya Trump woba warakoranye n'Uburusiya mu kwabura umurwi "Democratic National Committee" canke mu kwivanga mu vy'amatora.

Iruhande y'itohoza rya FBI, inama nkenguzamateka hamwe n'umurwi w'inama nshingamateka ujejwe iperereza, bariko bararabira hamwe ingene Uburusiya bwoba bwarivanze mu matora. Ntawuzi ko bino birego bishasha biri mu vyo bazokurikirana.

Kubera iki Bwana Flynn yatanze imihoho?

Yakinjuye ku birego bivuga ko yavuganye mu kwezi kwa 12 n'uwuserukira igihugu c'Uburusiya ku bijanye n'ibihano Amerika yabufatiye, imbere yuko Bwana Trump yinjira mu mabanga.

Uwo mubonano ngo wabaye igihe prezida w'ico gihe Barack Obama yariko arafatira ingingo Uburusiya, kubera amakuru yavugwa ko bwoba bwashatse guhindukiriza amatora ku ntsinzi ya Bwana Trump.

Bwana Flynn ngo yoba yarenze itegeko bita "Logan Act" mu gushira imigenderanire ya Amerika mu minwe y'umunyagihugu asanzwe, imbere yuko agenwa kuba umuhanuzi w'igihugu mu vy'umutekano.