Umugore akurikiranwa ku rupfu rwa Kim Jong-nam

  • 15 Ukwa kabiri 2017
Igipolisi ca Malaysia kiriko kirahiga abantu bari inyuma y'urwo rupfu rwo ku munsi wa mbere Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igipolisi ca Malaysia kiriko kirahiga abantu bari inyuma y'urwo rupfu rwo ku munsi wa mbere

Hari umugore yafatiwe mu gihugu ca Malaysia ku bijanye n'urupfu rwa mukuru wa Kim Jong-un arongoye Korea ya ruguru.

Igipolisi kivuga ko uwo mugore yafatiwe ku kibuga c'indege ca Kuala Lumpur aho Kim Jong-nam yaherewe isumu ku munsi wa mbere.

Yarafise igitabo c'inzira co mu gihugu ca Vietnam.

Igipolisi ca Malaysia cavuze ko kiriko kirarondera abandi bantu bikekwa ariko bari ku rushi.

Uwo mugore yafashwe kubera video ya CCTV imwerekana ari wenyene ku kibuga c'indege, niko icegeranyo c'igipolisi kivuga, akaba ku mazina ya Doan Thi Huong, w'imyaka 28.

Ku mafoto yafashwe na CCTV ahererekanwa mu binyamakuru, yerekana abagore babiri bari iruhande ya Bwana Kim, baca bava muri ico kibanza muri tagisi.

Kw'ifoto yerekanywe muri Korea yepfo hamwe no muri Malaysia yerekana umugore, avugwa ko ari umwe mu bikekwa, yambaye agapira kera kanditsweko "LOL" imbere.

Hakiri kare, itororokanirizo ry'amakuru rya Malaysia, Bernama, ryari ryamenyesheje ko hari umugore apfungiwe ku kibuga c'indege. Nta wuzi ko hoba havugwa uwo mugore yafashwe.

Malaysia ntiremeza ko uwo mugabo yapfuye ari vyukuri Kim Jong-nam, mu gihe yari yitwaje urukaratasi rw'inzira rw'ayandi mazina, Kim Chol, ariko leta ya Korea yepfo yemeje ko ariwe. Ikigo c'iperereza c'ico gihugu cavuze ko cabwiye abashingamateka ko Bwana Kim yahawe isumu.

Korea ya ruguru ntaco iravuga kuri urwo rupfu ariko abakora mu buserukizi bw'ico gihugu muri Malaysia, bavuze ko bamye ku bitaro aho ikiziga ca Bwana Kim catwawe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Haraheze imyaka Kim Jong-nam atipfuza kuja ahabona

Kim Jong-nam yatewe ku munsi wa mbere mu gitondo ku kibuga c'indege ca Kuala Lumpur, aho yari arindiriye indege imujana Macau isaha zine, niko ikinyamakuru ca Malaysia cavuze gisubiramwo igipolisi.

Ntawuzi neza ingene yishwe, ubutegetsi buvuga ko yoba yamijwe ubumara canke ko yoba yashizwe mu maso igitambara kirimwo ubumara. Amakuru y'ubwa mbere avuga ko yoba yamijwe ubumara canke ko hoba hakoreshejwe urushinge.

Yacikanye ajanywe ku bitaro.