Trump yishuye abavuga ku bamwegereye n'Uburusiya

Michael Flynn, Carter Page na Paul Manafort a Uwufise ububasha kw’isanamu AP, Reuters, EPA
Image caption Abahoze ari abafasha ba hafi ba Trump, Michael Flynn, Carter Page na Paul Manafort bakorwako itohoza ku migenderanire yabo n'Uburusiya

Perezida Trump yishuye abari mu rwego rw'iperereza hamwe n'ibinyamakuru, inyuma y'amakuru masha yasohotse avuga ku migenderanire ya bamwe mu mugwi wiwe n'igihugu c'Uburusiya.

Bwana Trump yagiriza ibiro bijejwe iperereza mu gihugu no hanze yaco, NSA na FBI, gutanga amakuru bidakurikije amategeko.

Bimwe mu binyamakuru vyo muri Amerika biremeza ko bamwe mu bakorana na perezida Trump bemwegereye batahengeshanije kuguvana n'abategetsi b'Uburusiya mu gihe co kwiyamamariza amatora.

Abajejwe iperereza mbere bari bavuze ko bikeka ko Abarusiya boba baragize uruhara mu kuyovya amatora kugirango Trump abone gutsinda.

Ubutegetsi bwa Moscow ivyo bwavyamiriye kure, buvuga ko bidafatiye ku bimenyetso bifatika.

Aya makuru yo gucanamwo aje kwenyegeza umucanwa hagati ya Trump n'inzego z'iperereza, aho imigenderanire yabo itari imeze neza mu gihe co kwiyamamaza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Flynn asanzwe ariko akorwako itohoza ku vyo yavuganye n'userukira Uburusiya

Ivyo bije kandi umunsi umwe inyuma y'aho umuhanuzi mu bijanye n'umutekano mu gihugu Michael Flynn atangiye imihoho, kubera amakuru yavuzwe y'uko yoba yaraganiriye n'Uburusiya ku kibazo c'ibihano ico gihugu cafatiwe imbere y'uko Trump afata ubutegetsi.

Bamwe mu bategetsi bo mu mugambwe w'aba Republicains bahurije hamwe gusaba ko hoba itohoza ku migenderanire hagati ya Flynn n'Uburusiya.

Kuri uyu wa gatatu naho Adam Schiff, wo mu mugambwe w'aba Democrates ari mu mugwi w'inama nshingamteka ujejwe iperereza, yavuze ko azogerageza kugira itohoza ku ruhara rw'Uburusiya mu kuneka amatora, rishiremwo n'amakuru yo muri terefone ya Flynn, nk'uko bivugwa n'ikigo c'itangazamakuru Reuters.

FBI hamwe n'inama nkenguzamateka navyo biriko bikora iryo perereza.

Kuri uyu wa kane buca umushikiranganji w'imigenderanire Rex Tillerson agirana inama yiwe ya mbere na mugenzi we w'Uburusiya Sergei Lavrov, mu nama izobera i Bonn mu Budagi hagati y'ibihugu 20 bitunze kw'isi G20.