Ingwara itegwa n'imbeba yateye New York City

Kubona imbeba New York ni ibisanzwe Uwufise ububasha kw’isanamu iStock
Image caption Kubona imbeba muri New York ni ibisanzwe ariko ingwara zitera ntizahahora

Abajejwe amagara y'abantu muri New York City, basanze abafashwe n'ingwara ya leptospirosis bose baba mu mazu ari mw'igorofa imwe mu gace ka Bronx.

Abafashwe n'iyo ngwara uko ari batatu, bashitse kwa muganga barenvye cane, bafise amafyigo n'uruhago vyamaze kwononekara.

Bavuga kandi ko ari ubwa mbere babona abantu bafashwe n'iyo ngwara mu gihe ca hafi na hafi kandi bari hamwe nk'ukwo.

Abatewe bose n'iyo ngwara bandukiwe muri aya mezi abiri arangiye.

Leptospirosis n'iki?

Ingwara ya Leptospirosis irakomeye cane ariko iravugwa igakira iyo hakoreshejwe imiti yo mu bwoko bwa antibiotic, nk'uko bimenyeshwa n'igisata kijejwe isuku n'amagara y'abantu.

Umwe mu bari bafashwe n'iyo ngwara yarapfuye ariko abandi babiri barakize bavanwa mu bitaro.

Mu myaka icumi iheze, abantu 26 nibo bamaze gufatwa na leptospirosis muri uwo muji wa New York, nk' uko bitangazwa n'ikinyamakuru 'the New York Times'.

Abafashwe bari abagabo kiretse umwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu iStock
Image caption Leptospriosis ica mu mbeba

Muri ico kiringo kandi mu gace ka Bronx niho haturutse abenshi mu bagwaye, aho bagera ku munani bose hamwe.

Abategetsi baciye bafata ingingo zihuta mu ntumbero yo kugabanya imbeba muri ako gace no kwigisha abantu uko bakwiye kwigenza.

Leptospriosis ifatira mu matembabuzi aturutse ku mbeba, iyo yinjiye mu mubiri imbere w'umuntu, haba mu guca ahakomeretse, mu jisho, mu mazuru canke mu kanwa.

Ibimenyetso vyayo birimwo kugira ubushuhe, iseseme, gutonekara ingingo, kudahwa hamwe no gucibwamwo.

Ababa muri iyo micungararo basabwa kwirinda kuja ahagwiriye imbeba no kwama bambaye ibirato iyo bagiye guta imicafu mw'iyarara.