Leta y'Uburundi ngo ntizokwitaba Mkapa

Benjamin Mkapa Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Bujumbura
Image caption Umuhuza Benjamin Mkapa yahuye n'impande zompi mu nzira yo gutegura ibi biganiro

Leta y'Uburundi mw'itangazo yasohoye kuri uno mugoroba, iremeza ko kuva ku munsi wa mbere yaronse ubutumire mu biganiro bihuza abarundi buca bitangura Arusha muri Tanzania, ariko ngo ntizokwitaba n'ubwo ibishigikiye.

Muri iryo tangazo, leta y'Uburundi irashima umugambi w'ibiganiro wa Benjamin William Mkapa, ariko ikavuga ko ariko arasa n'udohoka ku nyifato yari asanganywe yo kuja inama n'ingingo mu bijanye no gutunganya urutonde rw'abakwiye gutumigwa muri ivyo biganiro.

Leta y'Uburundi imenyesha ko itazokwitaba kubera mu batumiwe muri ibi biganiro harimwo abagirizwa ivyaha birimwo gukoresha inguvu mugushaka gutembagaza ubutegetsi, ivyo ngo biteye kubiri n'ubwigenge bw'Uburundi, amategeko agenga igihugu cane cane amategeko agenga imigambwe.

Ikindi kitashimishije Uburundi nk'uko biri muri iryo tangazo, n'ubutumire bwahawe umuhanuzi adasanzwe w'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Jamal Benomar, asanzwe yariyamirijwe na leta y'Uburundi.

N'ubwo Uburundi ngo bukenye gufatwa mu mugongo n'amakungu, ngo Abarundi ntibotakaza uburenganzira bwo guhitamwo mu mugambi wo kubahuza mu ntumbero yo kurondera amahoro.

Leta y'Uburundi irangiza iryo tangazo yibutsa ko ishigikiye ibiganiro no kwamirira kure ingendo yo kudahana, kandi ko ishimishwa n'intambwe ibiganiro bibera hagati mu gihugu bimaze kugerako, igasaba n'abari mu mahanga gutahuka.

N'ubwo leta y'Uburundi yavuze ko itazokwitaba ivyo biganiro vyo kuri uyu wa kane i Arusha, hari bamwe mu batumiwe, cane cane ku ruhande rw'abatavuga rumwe na leta y'Uburundi bamaze kwigaba.

Mur'abo harimwo abahoze ari abakuru b'igihugu, Sylvestre Ntibantunganya na Domitien Ndayizeye, hamwe n'umushingamateka Agathon Rwasa.