Babiri bandi bafashwe ku rupfu rwa Kim Jong-nam

Kim yatewe arindiriye indege imujana Macau Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Kim yatewe arindiriye indege imujana Macau

Abandi bantu babiri bafashwe ku bijanye n'urupfu rwa Kim Jong-nam rwabereye muri Malaysia. Kim avukana n'uwurongoye igihugu ca Korea ya ruguru Kim Jong-un.

Umugore aturuka mu gihugu ca Indonesia hamwe n'umugabo bibaza ko yoba ari umugenzi wiwe, bose bapfunzwe ku munsi wa kane.

Umugore agendera ku gitabo c'inzira co mu gihugu ca Vietnam nawe nyene arapfunzwe.

Kim yapfuye ku munsi wa mbere, bikikekwa ko yoba yahawe isumu arindiriye indege imujana muri Kuala Lumpur.

Igipolisi kivuga ko cahejeje gupima ikiziga kirondera kumenya icamwishe, ariko ntikirashobora gushira ahabone ivyo cashitseko.

Abo bagore uko ari babiri bazoguma bapfunzwe ku kiringo c'iminsi indwi.

Uwurongoye igipolisi ca Malaysia, Sri Khalid Bin Abu Bakar, yavuze ko uwo mugore wa kabiri yapfunzwe ku munsi wa kane ku bijanye n'urupfu rw'"umugabo wo muri Korea".

Yarabonetse ari ku kibuga c'indege kuri video ya CCTV kandi afise igitabo c'inzira co muri Indonesia.

Icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Malaysia Ahmad Zahid Hamidi yaremeje ko uwo mugabo yishwe, agendera ku izina rya Kim Chol, ari Kim Jong-nam, nkuko ikigo c'itangazamakuru Bernama cabishikirije.

Hari amakuru menshi avuga ko Korea ya ruguru yoba iri inyuma y'urupfu rw'uwo mugabo, ariko ntakiravyemeza.

Korea ya ruguru izoba iriko irigina isabukuru ry'imyaka 75 ya Kim Jong-il, yapfuye yahora atwara Korea ya ruguru akaba yari se wa Kim Jong-nam na Kim Jong-unkandi

North Korea is on Thursday celebrating what would have been the 75th birthday of Kim Jong-il, the late leader and father of both Kim Jong-nam and Kim Jong-un.