Imishatsi ya Asamoah Gyan ngo ntiyemewe n'amategeko muri EAU

  • 16 Ukwa kabiri 2017
Uwo muderi w'imishatsi ya Asamoah Gyan ngo ntiwemewe n'amategeko ya korani Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uwo muderi w'imishatsi ya Asamoah Gyan ngo ntiwemewe n'amategeko ya korani

Uwahora akinira Sunderland mu kibanza c'imbere Asamoah Gyan ari mu bakinyi 40 bivugwa "ko imishatsi yabo itemewe n'amategeko" y'ishirahamwe ry'umupira w'amagurury'umupira w'amaguru ryo muri Emirats Arabes Unis (UAEFA).

Uwo mukinyi aturuka mu gihugu ca Ghana , w'imyaka 31, yakoteshejwe n'umurwi Al Ahli w'i Dubai, avuye muri SIPG wa Shanghai.

Hari inyigisho z'idini rya Islamu zivuga yuko ukwimosha mu buryo bwa "Qaza" aho igice kimwe c'umutwe ari co kimobwa, bitemewe.

Umuhagarikizi w'urukino niwe araba ko imishatsi y'umukinyi ibereye.

Hari abahagarikizi bo muri Emirats Arabes Unis bakurikiza amategeko mu gutinya ko abana babo bohava bigana iyo mideri yo kwimosha.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru UAEFA rirarungikira umukinyi yimwesheje uko bidategerejwe ikete ryo kumukebura, munyuma rikamuhana mu kumutangisha ihadabu, munyuma agahagarikwa vy'agateganyo mw'ihiganwa iyo abandanije.

Gyan ari mu bakinyi 46 bamaze kurungikigwa ikete ryo gukebugwa.