Umugore wa 65 yibarutse amahasa muri Espagne

Ibice vy'ivuka ry'ayo mahasa vyerekanywe muri video yasohowe n'ibitaro Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightRECOLETAS HOSPITAL VIDEO SCREENGRAB
Image caption Ibice vy'ivuka ry'ayo mahasa vyerekanywe muri video yasohowe n'ibitaro

Umugore w'imyaka 65 wo mu gihugu ca Espagne yibarutse amahasa - umuhungu n'umukobwa - i Burgos, mu buraruko bwa Espagne.

Ibitaro Recoletas vyashikanye ayo mahasa, uwo mugore abanje kubagwa (Césarienne).

Uwo mugore atavuzwe izina yabanje kuja mu gihugu ca Amerika kwivurizayo ngo ashobore kuvyara, nkuko ikinyamakuru co muri Espagne kivuga.

Ibitaro vyasohoye amasanamu ya video yerekana ingene yibarutse.

Mu 2012 uwo mugore yaravyaye umwana w'umukobwa, munyuma yahavuye aregwa n'ibigo vyitaho abana, bitewe n'ivyavugwa ko atari atunzwe neza.

Nta ngingo irafatwa kuri ayo mahasa muri kino gihe ameze neza co kimwe na nyina wayo. Umuhungu afise ibiro 2.4kg, umukobwa 2.2kg.