Inyeshamba zishe 32 muri Centrafrique

  • 16 Ukwa kabiri 2017
Igihugu ca Centrafrique kimaze igihe kigerageza kuva mu ngwano Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igihugu ca Centrafrique kimaze igihe kigerageza kuva mu ngwano

Umurwi w'inyeshamba wo mu gihugu ca Repuburika ya Centrafrique wishe abasivile 32 ufata n'abagwanyi b'uwundi murwi, mu mishamirano yo mu kwezi kwa 12, 2016, niko ikigo "Human Rights Watch" (HRW) cavuze.

Uwo murwi uharanira agateka ka kiremwa muntu uhangayikishijwe nuko ubwo bwicanyi bwakozwe hasanzwe hari abasirikare ba Minusca, umurwi wa Onu ufasha kugarukana amahoro muri Repuburika ya Centrafrique.

Ku bwa HRW, ubwo bwicanyi bwabaye itariki 12 Ukwezi kwa 12 i Bakala, igisagara kiri mu bumanuko bw'igihugu.

Abagwanyi b'umurwi "Union pour la Paix en Centrafrique" (UPC) bishe abantu 25 bababwiye ngo baze kw'ishule mu nama, HRW niko yavuze.

Kare kuri uwo munsi nyene, bishe abantu indwi bari bavuye kwimba inzahabu, niko yabandanije ivuga.

Igihugu ca Repuburika Centrafriquaine kimaze igihe kigerageza kuva mu bwicanyi bwatanguranye n'ingwano ivuye ku hirika ry'ubutegetsi mu 2013