Bombe yatezwe mu modoka yishe 48 i Baghdad

Ikarata ya Iraki
Image caption Ikarata ya Iraki

Niburiburi abantu 48 bapfuye i Baghdad bahitanywe n'ibombe igira gatatu mu minsi itatu yaturikiye ku mugwa mukuru wa Iraki, niko abajejwe umutekano n'abo mu gisata c'ubuvuzi bavuze.

Imodoka yuzuye ibisasu yaturitse hafi y'ahantu bagurishiriza imiduga ahitwa Bayaa mu karere k'aba Shia mu bumanuko bw'igisagara. Abantu barenga 50 bakomeretse.

Abandi 18 barishwe mu kindi gitero ku munsi wa gatatu aho bagurishiriza imodoka zimaze gukora, abandi bane bakaba bari baraye bishwe.

Umurwi wa "Leta y'iki Islamu" wemanze igitero co ku munsi wa kane, nkuko ikigo c'amakuru AFP kivuga.