Umunya N Korea araregwa urupfu rwa Kim Jong-nam

Kim Jong-nam Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kim Jong-nam ntiyarya umunwa mu kunegura leta ya Koreya yaruguru

Igipolisi ca Maleziya kimenyesha ko cahagaritse umunya Koreya ya Ruguru gikekako uruhara mu rupfu Kim Jong-nam, mwenewabo w'umukuru wa Koreya ya ruguru Kim Jong-un.

Ri Jong Choi, yatawe muri yompi n'igipolisi ca Maleziya, akekwako uruhara mu kwica Kim Jong-nam, bavukana n'umukru wa Koreya yaruguru.

Ri Jong Choi abaye uwa kane afashwe mu bakekwako uruhara mu kwica Kim Jong-nam.

Bikekwa ko Kim Jong-nam yoba yarishwe hakoreshejwe uburozi ugihe yategwa ku kibiuga c'indege ca Kuala Lumpur ku musi wa mbere.

Uwuhagarariye Koreya ya Ruguru muri Maleziya yariyamirirje isuzumwa rikorwa n'abaganga ry'icoba carishe Kim Jong-nam, avuga ko ikizovamwo cose batazocemera.

Yasavye ahubwo ko ikiziga ciwe coshikirizwa Koreya ya ruguru bitarinze guteba.